Imigumuko yadutse iCairo mu Misiri

Image caption Abashigikiye Morsi babonetse biruka bamaze guterwa imyuka irakira

Abapolisi batari bake biravugwa ko boba bakomerekeye mu gikorwa co gutesha akaguma hagati y'abashigikiye Mohammed Morsi n'ababa hagati mu muji wa Cairo.

Ako kaguma katanguye igihe abari mu myiyerekano yo gushigikira Mohammed Morsi hanze y'inyubakwa za leta, bagerageza kuzinjiramwo.

Impande zompi zatanguye guterana amabuye n'amacupa.

Biravurwa kw'abari mu myiyerekano bateye kandi ku maduka.

Iyo migumuko ije mu gihe abashigikiye Mohammed Morsi babandanije kugariza mu bibanza bibiri bitandukanye, basaba ko agarurwa ku butegetsi.