Mali: IBK yatsindiye kuba umukuru w'igihugu

Image caption Ibrahim Boubakar Keita ari gutora 28/07/2013

Uwahoze ar'umushikiranganji w'ikigega ca leta Soumalia Cisse, amenyesha ko yakeje mukeba wiwe bwana Keita, amwifuriza amahirwe.

Bwana Keita, w'imyaka 68, yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu 1994 kugeza mu 2000.

Mali yari imaze umwaka mu bibazo vyabayemwo no gutembagaza ubutegetsi, aho ingabo z'abafaransa zagiye kugarura umutekano zagerageje gukura abarwanyi bifatiye akarere k'uburaruko.

Nta biharuro biratangazwa ku mugaragaro ku matora yasubiwemwo ku munsi w'Imana, ariko amakuru avuga ko Keita ariwe afise amajwi menshi.

Mu matora ya mbere, bwana Cisse yaronse amajwi 19% gusa, bwana Keita aronka 40%, abandi ba kandida baca bashigikira Keita.

Bwana Keita azwi cane kw'izina rya IBK, ubu agiye kuzotunganya ikoreshwa rya miliyaridi zine z'ama dollars ya Amerika, amakungu yemereye Mali kugira yongere kwiyubaka.

Ingabo zigera ku 12,600 zo mu rwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu zizoja kugarura umutekano muri Mali MINUSMA, zimaze gutangura kuhagera, mu gihe iz'abafaransa nazo zitanguye kuhava.

Inyuma y'amatora yo ku ncuro ya mbere, bwana Cisse yari yavuze ko habaye ubusuma, aho yemeje ko amajwi 400,000 yabaye impfagusa.

Ariko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yaranse ico kirego.

Umukuru w'umurwi w'indorerezi zarungitswe n'ishirahamwe rya Bulaya, yashimye uko amatora yatunganijwe n'uburyo yabaye ku mugaragarao

Ejo, indorerezi z'ishirahamwe rya Bulaya n'abo Ubumwe bwa Afrika barashimye kandi uko ayo matora yo ku ncuro ya kabiri yagenze.