Amakungu yateye ivyatsi ibibera mu Misiri

Image caption Imigumuko mu Misiri

Ishirahamwe mpuzamakungu ryifatanije n'ibindi bihugu mu guter'ivyatsi gutana mu mitwe hagati y'abasirikare n'abashigikiye Morsi mu Misiri.

Ibiharuro bitangwa vy'abapfuye biranyuranye cane.

Umugambwe Muslim Brotherhood wemeza kw'abagera ku bihumbi bibiri bahasize ubuzima.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu bwemeza ko hapfuye 149 mu gihugu cose, bukavuga ko abarenga gato 1400 aribo bakomeretse.

Mu kanya gaheze, icegera c'umushikiranganji wa mbere Mohammed El Baradei yatangaje ko atanze imihoho muri leta nfatakibanza.

Hashinzwe kandi amategeko y'umukwabu kuva kur'uno mugoroba, azomara ukwezi.

Ishirahamwe mpuzamakungu, n'ibindi bihugu hirya no hino kw'isi vyateye ivyatsi iyo migumuko.

Umuvugizi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Josh Earnest yavuze ko ar'intambwe ibasubiza inyuma muri demokarasi.