Israel yarekuye imbohe z'Abanyapalestina

Image caption Perezida Mahmoud Abbas ashikiriza ijambo abanyororo barekuwe

Imodokari za bus zitwaye abanyororo, zabakuye kw'ibohero hagati muri Israel zibajana ku cambu ca Beitunia muri Cisjordanie na Erez ahajabukira muri Gaza.

Perezida Mahmoud Abbas, yakiriye 11 barungitswe mu karere ka Cisjordanie, mu gihe abandi 15 bagiye muri Gaza bari barindiriwe n'isinzi ry'abantu.

Abaserukira Israel na Palestina mu biganiro bateganya guhurira iYerusalemu mu gihe bari bamaze imyaka itatu badahuye mu biganiro amaso mu yandi.

Umunyamakuru wa BBC Yolande Knell avuga ko hari nk'umunsi mukuru mu gace ka Beitunia ko mu karere ka Cisjordanie igihe abari bapfunzwe bajabuka mu gatondo ka kare.

Baciye bajanwa mu kibanza c'umukuru w'igihugu kiri Ramallah, aho baramukanirije na perezida Abbas.

Mu nyuma bagiye gusengera ku mva y'umukuru w'Abanyapalestina, Yasser Arafat, imbere yo guhanvya perezida Abbas n'isinzi ry'abantu bari babarindiriye.

Mw'ijambo yashikirije, Mahmoud Abbas yavuze ko atazoruhuka atabohoje Abanyapalestina bose bari mu mvuto.

Amazina y'abarekurwa yamenyekanye mu gicugu co kuw'Imana, aho abanya Israel bahawe amasaha 48 ngo bunguruze urubanza kur'iyo ngingo muri sentare nkuru.

Sentare ejo yarahakanye ikirego c'abaharanira uburenganzira bw'abakorewe icaha n'abo bapfungwa, batifuza ko hagira n'umwe akurwa mu mvuto.

Abanyororo bafatwa nk'intwari ziharanira agateka k'Abanyapalestina, ariko Israel yo ikabafata nk'abakora iterabwoba, nk'uko abanyamakuru babivuga.

N'ubwo irekurwa ry'aba banyororo ryakiriwe neza, abenshi barakeka ko ibiganiro biteganijwe uyu munsi bihava bibangamirwa n'ingingo y'umushikiranganji wa Israel ajejwe uburaro.

Uwo mushikiranganji ku munsi w'Imana yatanze uburenganzira bwo kubaka amazu 394 mu buseruko bwa Yerusalemu n'ahandi mu karere ka Cisjordanie.