Misiri: Abapolisi 24 biciwe muri Sinai

Image caption Abasirikare bari kugenzura muri Sinai

Umutekano mu gace ka Sinai wakomejwe cane, n'icambu hagati y'umuji wa Rafah n'akarere ka Gaza kirugarwa.

Igisirikare bivugwa ko cakajije ibikorwa vyo guhasha intagondwa mu gace ka Sinai, hakomeje kuba ibitero kuva Hosni Mubarak akuwe ku butegetsi mu 2011.

Uburaruko bwa Sinia bwahindutse akarere gateye impungenge kuruta ahandi mu gihugu cose ca Misiri kuva mu 2011.

Abajejwe umutekano bagera kuri 70, n'igitigiri nk'ico c'abo bita abakora iterabwoba baramaze kuhasiga ubuzima kuva mu ndwi zitandatu ziheze.