Syria: Amajana y'abantu bishwe n'ibisasu

Bamwe mubo bivugwa ko batewe ivyuka vy'ubumara muri Syria
Image caption Bamwe mubo bivugwa ko batewe ivyuka vy'ubumara muri Syria

Abatavuga rumwe na leta ya Syria bavuga ko amajana y'abantu bishwe n'ibisasu vya leta mu bice vy'inkengero z'umuji wa Damas.

Umugwi ukomeye mu yitavuga rumwe na leta, National Coalition, uvuga ko abantu bashika ku majana atanu na mirongo itanu bishwe.

Ababibonye bavuga ko hakoreshejwe ivyuka birimwo uburozi, ariko leta ya Syria yabihakanye.

Uwurongoye umugwi wa ONU wagiye muri Syria kugenzura ibirwanisho ruhonyanganda, avuga ko biteguriye gutohoza ayo makuru ngo kandi amakuru yasavye leta ya Syria kubemerera gushika aho ivyo bitero vyabereye.

Ubwongereza bwavuze ko buzoshikana ico kibazo mu nama y'umutekano ya ONU.

N'abana bari mu bapfuye.

Abantu bavuga ko bavuye abakomeretse n'abapfuye muri Syria, babariye BBC hamwe n'ibindi binyamakuru mpuzamakungu ko abakomeretse batanguye gushika ku mavuriro mu masaha ya kare mu gitondo.

Umwe yavuze ko berekana ibimenyetso birimwo kubura impemu, kuzana ifuro mu kanwa hamwe no kutabona neza.

Ama video yashizwe kuri internet yerekanye ibirundo vy'imivyimba y'abana, ataho bigaraga bakomeretse ku mibiri.

Ayo mavideo ntawutagira aho yegamiye arashobora kwemeza ko ariyo, ariko abahinga bavuga ko ibimenyetso vy'abarwayi bihuje n'ivyigaragaza ku bahuye n'ivyuka vya sarin.

Umuvugizi w'igisirikare ca Syria yagirije abarwanya leta hamwe n'ibinyamakuru mpuzamakungu, yuko bariko bararwana intambara yo gukwirakwiza amakuru y'ibinyoma.