DRC: MONUSCO yagavye ibitero kuri M23.

Image caption Inzu yasambuwe n' igisasu carashwe kuwa 22/08/13 muri Goma

Ingabo za MONUSCO zivuga ko zatanguye kugaba ibitero ku birindiro vya M23 zishura ku bitero vy'uwo mutwe, vyahitanye abantu batanu mu muji wa Goma, barimwo umugore n'abana.

Ariko umuhari M23 wabwiye BBC ko ingabo za leta arizo zasomboye intambara.

Intambara yatanguye gukomera kuva ejo, aho ibisasu vya rocquette vyaguye mu micungararo y'igisagara ca Goma.

Leta ya Congo iremeza ko hapfuye abantu nibura batanu, abandi benshi bagakomereka.

Ingabo za ONU zigenzura igisagara ca Goma n'imucungararo y'aco zemeza ko ivyo bisasu vyarashwe n'ingabo z'umuhari M23.

Muri leta ya Congo ho bavuga ko hari ibisasu vyarashwe ku butaka bw'ico gihugu biturutse ku ruhande rw'Urwanda ku misozi yegereye ahitwa Rubavu.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri leta ya Congo Lambert Mende avuga ko ivyo bisasu vyavuye hafi ya Rubavu mu Rwanda, n'ubwo ngo batazi uwabiteye.

Ngo vyaturutse mu turere dutatu, tubiri muri district ya Rubavu, akandi hanze ya Rubavu.

Leta y'Urwanda yo ivuga ko ivyo Congo ivuga ari ibinyoma bitagira ifatiro na gato.

General Nzabamwita avugira ingabo z'Urwanda, ybwiye BBC ko ahubwo hari igisasu caguye ku butaka bw'Urwanda kirashwe n'ingabo za Congo.

Ku kibazo c'ico gisasu caguye mu Rwanda, bwana Mende aravuga ko ivyo vyemejwe n'uruhande ataho rwegamiye.

Arahakana ariko ko atari ingabo za leta ya Congo zateye ico gisasu ku butaka bw'Urwanda.

Yiyamiriza ibivurwa na leta y'Urwanda ko ivyo bisasu vyoba vyatewe ku butaka bwabo n'ingabo za FARDC, aho avuga ko bitangaje kumva bashobora kumenya ababiteye, bari hakurya mu Rwanda.

Bwana Mende avuga ko ivyo bigoye kwumva impamvu bemeza ko ari FARDC yabiteye mu gihe hagati y'ahari ibirindiro vya FARDC n'umupaka wa Congo n'Urwanda, hari abarwanyi ba M23 n'aba FDLR.

Umuvugizi wa gisirikare wa MONUSCO, Colonel Prosper Basse aravuga ko urwo rwego rwafashe ingingo yo gushigikira FARDC mu gikorwa co kurwanya M23 kuber'ibisasu uwo mutwe waraye uteye.

Colonel Basse yabwiye BBC ko indege za MONUSCO zariko ziratera ku birindiro vya M23, kugira ziyibuze gusatira umuji wa Goma no gusubira kurungika ibisasu nk'uko vyaraye bibaye.

Mw'ijwi ryunvikanamwo urwamo rw'ibisasu vyavugira inyuma, colonel Prosper Basse yemeje ko igikorwa c'ibitero ca wa murwi w'ingabo za ONU wagiye guhasha imirwi yitwaje ibirwanisho catanguye kuva ejo.

N'ubwo ariho izo ngabo zigitangura ibitero, ngo s'ukuvuga ko ariho iikorwa cazo kigitangura kuko zari zisanzwe zaratanguye gukora amarondo no gucungera akarere k'umutekano kashizweho na MONUSCO kuva kare.