Syria: ONU irakomeza gusaba itohoza risesuye

Angela Kane yageze Damasi mu gihe Ubufaransa bumaze kunga mury'Ubwongereza, mu kwagiriza ingabo za Bashar al Assad ko arizo zagavye ibitero vyo kuwa gatatu.

Perezida Obama amenyesha ko ariko arihweza inzira zitandukanye zofatwa kuri Syria, inyuma y'iyicwa ry'abanyagihugu amajana.

Image caption Angela Kane

Ibinyamakuru vya leta biravuga ko hari ubumara bwabonetse mu gace kagenzurwa n'abarwanya leta.

Television ya leta ya Syria, yatangaje ko abasirikare banizwe n'imyuka igihe bagerageza kwinjira Jobar, kimwe mu bisagara vyo muri District ya Ghouta, ivurwa ko yatewe ku munsi wa gatatu.

Abarwanya Syria bavuga ko amajana y'abanyagihugu bapfuye mw'ijoro rimwe kuber'igitero cabaye kuwa gatatu muri district ya Ghouta.

Ico gitero ciyamirijwe n'amakungu.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Laurent Fabius, yamenyesheje uno munsi ko amakuru yose bafise ahuriza ku kwerekana ko habaye igitero c'uburozi ku munsi wa gatatu, kandi ko ubutegetsi bwa Bashar al-Assad aribwo kibazwa.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza William Hague, yavuze ko yibaza ko ari igitero c'uburozi cakozwe n'ubutegetsi bwa Assad kandi ko amakungu yitayeho ubuzima bw'ikiremwa muntu canke asobanukiwe mu vyiyumviro, adashobora kucirengagiza.

Umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yavuze ko yiteguye gukora itohoza risesuye kandi ataho ryagamiye, kur'ivyo bitero.

Yarungitse Angela Kane kugondoza abategetsi ba Syria ngo bahe umurwi w'abahinga 20 bari Damasi, uburenganzira bwo gukora itohoza.

Leta zunze ubumwe za Amerika nazo hagat'aho ziriko zihatira gufata ingingo yo kuja muri Syria.

Perezida Obama ariko abonana n'umurwi ujejwe umutekano ku rwego rw'igihugu ngo barabe intambwe zokurikira.

N'ubwo abo bategetsi bajejwe kwivun'abansi bemeza ko ata wasavye ingabo kwitegura gutera Syria, bamenyesha ko hari ubwato bw'intambara bwashizwe mu buseruko bwa Mediterranee.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko abantu barenga ibihumbi ijana bamaze gupfa muri Syria kuva hatanguye imigumuko yo kwiyamiriza perezida Assad, haraheze imyaka irenga ibiri.