Amerika iriko yiga inzira z'intambara kuri Syria

Image caption Imyiteguro y'ingabo za USA ku ntambara ya Syria

Umushikiranganji wo kwivun'abansi wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Chuck Hagel, nta vyinshi yatangaje nkur'iyo ngingo yo kwegereza igabo hafi ya Syria.

Ariko abanyamakuru bavuga ko ingabo za Leta zunze Ubumwe za Amerika zirwanira mu mazi, zabaye nyinshi mu buseruko bwa Mediterranee.

Perezida Barack Obama yari yaraye amenyesheje ko atewe umwitwarariko n'ibirego bishasha bivurwa kuri leta ya Syria, ko yoba yakoresheje ibirwanisho vy'uburozi mur'iyi ndwi.

Uburusiya, igihugu somambike ca Syria, cemeje ko bigaragara ko ari abarwanya leta ya Syria bakoresheje ivyo birwanisho.

Ariko abarwanya leta nabo bavuze ko abantu baharurwa mu majana bishwe n'ibitero vya leta hanze y'umurwa mukuru Damasi ku munsi wa gatatu.

N'ubwo ibihugu vyinshi vyayiteye akamo, nta gicuro y'uko leta ya Syria izokwemerera intumwa za ONU kuja gutohoza kur'iryo koreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi.

Amasanamu atarashobora gutohozwa neza yerekana abanyagihugu, barimwo abana benshi bapfuye, abandi bagaraza ibimenyetso biteye ubwoba bisa n'ivyaturutse kur'ivyobitero.

Bwana Hagel yamenyesheje ko perezida Obama yasavye ubutegetsi bwa Pentagon kwiga ingingo zofatwa ku ntambara ya Syria.

Yavuze ko igisirikare gifise igikorwa co gutegurira umukuru w'igihugu inzira zitandukanye.

Ivyo ngo bisaba gutegura no gushira mu birindiro ingabo, gutegura ibikoresho, no gushira hamwe inzira zitandukanye zimufasha guhitamwo ic'ari co cose yifuza.