Syria yemeye itohoza ku birwanisho vy'uburozi

Image caption Itohoza kw'ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi muri Syria

Umurwi w'abahinga ba ONU uzotangura ejo aho bukera, gutohoza ahavuzwe ko hakoreshejwe ibirwanisho vy'uburozi vyahitanye abantu barenga 300 mu micungararo ya Damasi.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza William Hague avuga ko ibimenyetso bishobora kuba vyarasibanganijwe mu minsi itanu iheze kuva ico gitero kibaye ku munsi wa gatatu.

Syria yegeka ico gitero ku bo yita abakora iterabwoba.

Ikigo c'itangazamakuru ca leta catangaje ko ibikoreshwa mu birwanisho vy'uburozi vyatowe n'abasoda mu myobo ikoreshwa n'abarwanya leta.

Television ya leta yatangaje ko bulamatari w'akarere ka Hama, Anas Abdul-Razzaq Naem, yishwe ahitanywe n'igisasu catezwe mu modokari.

Itangazo ryavuye mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Syria, rimenyesha ko leta yemeranije kur'uyu w'Imana n'userukira umurwi wa ONU ujejwe kwambura ibirwanisho, Angela Kane, ko intumwa arongoye zizotangura ico gikorwa c'itohoza ejo.

Iryo tangazo ryaciye kuri television y'igihugu rivuga kandi ko intambara zizohagarikwa vy'agateganyo mur'ivyo bice.