Pascal Manirakiza yatowe yatawe mu mufurege i Kampala

Image caption Pascal Manirakiza yatowe yatawe mu mufurege inyuma yo kuburwa irengero

Imwe mu mpunzi z'Abanyarwanda yari yarabuzwe irengero mu minsi ishize yabonetse yatawe mu muferege mu muji wa Kampaka yataye ubwenge kandi afise ibimenyetso ko yakubiswe cane.

Pascal Manirakiza ni umwe mu bagabo batatu leta ya Uganda yavuze mu minsi ishize ko itazi irengero ryabo.

Yatowe ku wa mbere ubu akaba ari mu bitaro aho adashobora kumenya n'abari iruhande yiwe. Afise ibikomere umubiri wose na cane cane mu mugongo ,ku maguru no ku maboko.

Mu minsi ishize yari yahaye ikiganiro BBC avuga ko yahunze ava muri Congo iyo yari yajanywe ku nguvu kurwana mu muhari M23.

Uwundi yitwa Innocent Kalisa leta ivuga itazi irengero ryiwe , igipolisi kikaba kigikora iperereza ryo kumenya niba akiriho canke yarapfuye.

Ku wa gatatu uheze leta ya Uganda yaburijemo igikorwa co gutahura ku nguvu mu Rwanda umusirikare yahoze ari mu basirikare barinda vya hafi umukuru w'igihugu cy'Urwanda.

Imodoka imodoka yari itwaye Joel Mutabazi yahagaritswe igihe yerekeza ku kibuga cy'indege.

Ministri ashinzwe impunzi muri Uganda yavuze ko leta ya Kigali itigeze ibanza kubaza leta ya Uganda canke ishami rya ONU riraba impunzi HCR ku biraba ifatwa ry'uwo mugabo.

Uhagarariye Urwanda muri Uganda Fank Mugambage ahakana kuba leta y'igihugu ciwe hari ibikorwa nk'ivyo ishobora gukora.