Ubwongereza burashikiriza ingingo kuri Syria

Image caption David Cameron na Obama bagize igihe basaba ko hari icokorwa

Ubwongereza burashira imbere y'urwego rwa ONU rujejwe umutekano kuri uyu wa gatatu integuro y'ingingo'' yotanga urushusha rw'ingingo zikenewe kugira hakingirwe aba civils'' muri Syria.

Iyo ngingo ija gushikirizwa mu nama y'ibihugu bitatu bifise intebe yamaho muri urwo rwego nk'uko vyamenyeshejwe na ministre wa mbere w'Ubwongereza David Cameron kuri Twitter.

Uno munsi abahinga ba ONU basubiye mu gikorwa ca gusuzuma niba harakoreshejee ibigwanisho vy'umubamara ku wa 21 ukwezi kw'umunani.

Umunyamabanga wa ONU Ban Ki Moon yasavye abagize iyo nama gukorera hamwe.

Ban Ki Moon yavuze ati'' urwego rujejwe gucungera amahoro n'umutekano kw'isi ntirushobora kutagira ico rukora, urwo rwego rutegerezwa kuja rwaja hamwe rukagira ico rukoze.

Rutegerezwa gukoreshwa ubushobozi rufise ku neza y'amahoro''.

David Cameron yavuze mu bundi butumwa ati:''twamye tuvuga ko urwego rwa ONU rujejwe umutekano rwokora ivyo rujejwe ku kibazo ca Syria''.

''Ubu harabonetse akaryo ko kubikora''.

David Cameron yagirishije inama yihuta urwego rw'igihugu rujejwe umutekano kugira rwige inyishu zibereye ku kibazo co muri Syria.

Ministre wa mbere yavuze ko rwumvikanye ko amakungu adakwiye kurera amaboko inyuma y'ikoreshwa atawokwemera ry'ibigwanisho vy'ubumara na leta ya Syria

Hagati aho mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, intumwa ya ONU muri Syria Lakhdar Brahimi yavuze ati:''bisa n'iboneka ko hari ibintu vyakoreshejwe... vyishe abantu benshi'' ku wa 21 ukwezi kw'umunani.

Ariko yashimitse avuga ko icokorwa cose gitegerezwa kuronka uruhusha rw'urwego rwa ONU rujejwe umutekano.

Ministre w'uburusiya ajejwe imigenderanire vSergei Lavrov yagabishije avuga ko kurondera gukoresha inzira ya gisirikare ata kindi bizoshikanako atari uguhungabanya gusumba Syria n'akarere kose.

Uburusiya n'Ubushinwa vyari bimaze kwanka integuro z'ingingo kuri Syria n'ubu bishobora kuyanka. .