Congo:ONU iragaba ibitero vy'indege kuri M23

Image caption Inteko zidasanzwe za ONU zifise inshingano zo kurwanya no kwaka ibigwanisho imigwi ibifise

Ingabo za ONU muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo zatanguye kugaba ibitero ku birindiro vya M23 hafi ya Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru nk'uko vyemezwa n'umuvugizi.

Uwo muvugizi yemeje ko ONU yagize ibitero vya kajugujugu n'ibisasu biremereye kugira bigize inyuma ingabo za M23.

Abetegetsi ba ONU bavuze ko umwe mu basirikare babo yishwe abandi batatu bagakomereka muri ico gikorwa cari ico gushigikira imgabo za leta ya Conngo zigwanya inyeshamba mu buraruko bwa Goma.

Abantu barenga 80 bivugwa ko bishwe mu ntambara iriko iraba kuva ku ndwi iheze.

ONU yarungitse aho mu buseruko bwa Congo inteko zidasanzwe ziyongera ku zari zihasanzwe zikorera mu rwego rwa MONUSCO kugira rufashe guhasha imigwi yitwaje ibigwanisho.

Umuvugizi wa gisirikare wa MONUSCO Colonel Felix Basse yabwiye itororokanirozo ry'amakuru AP ko ingabo za ONU zirwana ziri kumwe n'ingabo za leta ya Congo.

Avuga ko ivyo bitero ari ivyo kwigiza inyuma ingabo za M23 ubu ziri misozi ya Kibati ku birometero 15 (15 km) mu buraruko bwa Goma, igisagara kibamwo abantu ibihumbi amajana abiri (200.000).

UMuhari M23 wabwiye itororokanirizo Reuters ko ingabo za leta ya Congo hamwe n'iza ONU zabateye zikoreshe ingabo zo hasi,indege hamwe n'ibigwanisho bini binini mu bice biri mu buraruko bwa GOma.

Umuganga akorera Goma, Isaac Warwamazina yabwiye AP ko yabonye ibiziga 82 harimwo 23 vy'abagwanyi ba M23 ku wa mungu.

ONU ifise muri Congo ingabo zishika ibihumbi 18(18.000).

Inteko zidasanzwe zigizwe n'abasirikare ibihumbi 3(3.000) zifise insingano zo kwaka ibigwanisho imigwi yitwaje ibigwanisho muri ako karere. Nizo nshingano za mbere zikomeye cane ONU imaze guha ingabo bene izo, nk'uko bivugwa n'abategetsi muri ONU.

Abantu barenga ibihumbi amajana umunani baramaze guta izabo kuva M23 isubiye kuvyura intambara mu 2012.