Kenya yatoye ingingo yo kwikura muri ICC

Image caption Inama nshingamateka ya Kenya 05/09/2013

Urunani rw'abashingamateka bateye kubiri n'ubutegetsi -CORD-ntirwatoye kur'iyo ngingo yo kwikura kuri ICC.

Ivyo bije mu gihe hasigaye indwi imwe gusa ngo iyo sentare ihamagaze urubanza rw'icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto, aregwa ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Perezida Uhuru Kenyatta nawe azokwitaba urubanza mu kwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka.

Abo bategetsi bompi bakurikiranwa ku vyaha bijanye n'ubwicanyi bwahitanye abantu inyuma y'amatora yo mu mpera z'umwaka wa 2007.

Umunyamakuru wa BBC ari mu buseruko bwa Afrika avuga ko bwana Kenyatta na bwana Ruto bizeye kuronka amajwi akwiye atuma ico cifuzo co kuva muri ICC cemezwa.

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ivuga ko imanza iriko iraburanisha kur'abo banya Kenya zizokomeza, n'ubwo ico gihugu coyiyonkorako.