Abarundi n'Abanyarwanda bakomeje kwirukanwa muri Tanzania

amahema abatashe bubakiwe mu Rwanda
Image caption Mu Rwanda hari hasanzwe hamaze gutaha abarenga ibihumbi 6

Leta ya Tanzania yatangaje ko igikorwa co gucura kungufu abimukira bahatuye muri ico gihugu mu buryo bunyulanye n'amategeko kizakomeza gushika aho abantu bose bazarangirira.

Umuvugizi wa leta ya Tanzania Bwana Assa Mwambene yavuze ko n'aho ico gikorwa camaze gutangura,hakiriho umwanya ku bimukira bashakanye na b'Abatanzania kuronka ubwenegihugu,baramutse babusavye mu nzira zemewe n'amategeko.

Guhera mu mpera z'icyumweru gishize leta ya Tanzania yatangiye gushyira mu bikorwa icyemezo yafashe cyo kwirukana ku ngufu abanyamahanaga baba ku butaka bw'icyo gihugu mu buryo bunyuranyije n'amategeko.

Ku ruhande rw'Urwanda ejo hari hamaze kugera abagera kuri 300 birukanywe muri ubwo buryo.

Ku ruhande rw'Uburundi, baravuga ko mu bamaze kwirukanwa harimo abagore bashakanye n'abanyatanzia bakomeje kwirukanwa kandi Tanzania yari yasezeranyije Uburundi kutabirukana.

Umukuru w'intara ya Muyinga Ildefonse Ntawunkunga yemeza ko mubaza harimwo abavuga ko bari bafise abagabo b'abatanzania kandi ngo bari barumvikanye n'abategetsi b'ico gihugu ko batozubira kwirukana bene abo bantu.