Kenya yatoye amazi menshi mu butaka bwayo

Image caption Turkana, hamwe mu hatagira amazi muri Kenya

Ibitanga bibiri vyo munsi y'ubutaka vyagaragaye mu karere ka Turkana kari mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya, aho binvye bagasanga hari nk'ibiyaga binini mu kuzimu.

Ayo mazi aturuka munsi y'imisozi ihanamiye ako karere ka Turkana, ivyo bigasobanura ko atokwigera akama hamwe yokoreshwa neza.

Akarere ka Turkana ni kamwe mu twabayemwo ubukene bw'amazi budasanzwe muri Kenya.

Ica gatatu c'abanyagihugu ba kenya ntibagira amazi meza.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko hamwe ayo mazi yoshobora gushikirizwa abakeneye kuyakoresha, vyotuma ubuzima bw'ama miliyoni y'abanyagihugu ba Kenya bari mu kibazo kuber'amazi buhinduka.