France-Rwanda: Colonel Serebuga yarekuwe

Image caption Bivugwa ko hoba hishwe abantu barenga ibihumbi 800 muri genocide ya 1994 mu Rwanda

Sentare mu Bufaransa yafashe ingingo yo kurekura uwahoze ari umu colonel mu Rwanda aronderwa n'Urwanda kubera uruhara roba yaragize muri genocide yo mu 1994.

Urwanda rwari rwasavye ko Laurent Serbuga yorungikwa mu Rwanda. Colonel Serbuga yabaye icegera c'umukuru w'ingabo muri ico gihugu.

Uwo mugabo w'imyaka 77 yafashwe mu kwezi kw'indwi mu buraruko bw'Ubufaransa hisunzwe umutahe mpuzamakungu wo kumufata wasohowe n'Urwanda.

Abantu bashobora kuba bashika ibihumbi 800, na cane cane bo mu bwoko bw'inkehwa bw'abatutsi barishwe mu 1994.

Umuhungu wa Serubuga, Paulin, yari muri sentare, yavuze ko umuryango wabo wiruhukije wumvise iyo ngingo.

Itororokanirizo ry'amakuru ry'abafaransa AFP rivuga ko Paulin yavuze ati: ''Twari twiteze ko haba urubanza rwa politike. Ibinyoma vy'Urwanda ntivyumirijwe n'abacamanza'

Sentare mu Bufaransa yasanze ko igihe hakorwa amahano, genocide n'ibindi vyaha mu Rwanda , ivyo vyaha bitahanwa n'amategeko yo mu Rwanda, ari naco gituma Serubuga atashobora gucirirwa urubanza ku vyaha vyakozwe amategeko abihana atarabaho mu gitabo c'amategeko mpanavyaha mu Rwanda.

Amategeko y'Ubufaransa naterekura ko abantu barungikwa mu bindi bihugu gucirirwa imanza mu gihe uwukurikiranwa ataba afise ibimwizeza ko uburenganzira bwiwe buzokwubahirizwa, nk'uko vyavuzwe n'umushingwamanza wiwe Thierry Massis.