Rwanda: ikindi gisasu caturitse iKigali

Image caption Rwanda, igisasu caturitse iKigali

Igisasu co mu bwoko bwa 'grenade' cahitanye umuntu gikomeretsa abandi umunani mu gace ka Kicukiro ahari isoko mu muji wa Kigali.

Ico gisasu gituritse gikwirikira ikindi caraye gituritse muri ako gace nyene ejo ku munsi wa gatanu ku mugoroba, naco gihitana umuntu, gikomeretsa abandi 14.

Ipolisi cavuze ko abantu bagera kuri batatu bamaze gutabwa muri yompi bakekwako kugira uruhara mu itegwa ry'ivyo bisasu.

Ibi bisasu bituritse mu gihe mu Rwanda hegereje amatora y'abashingamateka azoba mu gihugu cose ku munsi wa mbere.

Kuva mu 2010 mu Rwanda hakomeje guterwa ibisasu, ubutegetsi bukaba bwatunze agatoki abanyapolitike batavuga rumwe, ko aribo boba bari inyuma yavyo.