Pakistan: ibisasu vyahitanye abarenga 75

Image caption Umukenyezi w'umunyapakistani ariko asoma umusaraba mu misa yo kuwa gatanu mweranda, iPeshawar

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Chaudhry Nisar Ali Khan, yamenyesheje ko mu bapfuye harimwo abana indwi n'abagore mirongo itatu na bane.

Hagaragaye agashavu kenshi mu banyagihugu bo muri Peshawar na Karashi, bagiriza leta ko yananiwe gukingira abakirisu umutekano.

Umutwe w'intagondwa ushigikiwe n'aba Taliban bo muri Pakistani niwo wemanze ico gitero.

Uvuga ko cari ico kwihorera indege z'abanyamerika zo mu bwoko bwa "drone" zikezura mu gace ko mu buraruko bushira uburengero