Ikigandaro c'iminsi itatu muri Kenya

Abagandariye ababo baguye mu gitero muri Kenya
Image caption Abagandariye ababo baguye mu gitero muri Kenya

Muri Kenya hatanguye ikigandaro c'iminsi itatu yo kwunamira abahitanywe n'igitero c'abarwanyi ba ki Islam kw'isoko riri mu muji wa Nairobi.

Abajejwe intwaro bavuga ko abantu mirongo itandatu n'indwi ariho bahitanywe n'ico gitero, ariko abandi benshi ntibarashobora kuboneka.

Umugwi wa ki Islam Alshabaab wemeza ko ariwo wagavye ico gitero, uvuga ko abantu ijana na mirongo itatu n'indwi bapfuye , ariko ivyo ivuga ntibishobora kwemezwa.

Abahinga mu gusaka ibibanza vyabereyemwo ubwicanyi bavuye muri Israel no mu Bwongereza biyunze n'abanye Kenya kw'isoko rya Westgate ngo bafashe kurondera imivyimba vyibazwa ko yaheze mu bihomoke, nyuma y'aho inzu y'amagorofa atatu igwiriye.