Irani: "Nta gihugu kigomba gutunga ibirwanisho ruhonyanganda"

Umukuru w'igihugu wa Irani, Hassan Rouhani
Image caption Umukuru w'igihugu wa Irani, Hassan Rouhani

Umukuru w'igihugu wa Irani, Hassan Rouhani, yavuze ko ata gihugu na kimwe kigomba gutunga ibirwanisho ruhonyanganda.

Ibi yabivuze hasigaye amasaha make ngo habe umubonano wo ku rwego rwo hejuru ubaye hagati ya Amerika na Irani ku vyerekeye umugambi wa leta y'i Tehran werekeye inguvu za nucleaire, mu myaka itandatu.

Mu kiganiro cerekeye gusambura ibirwanisho ruhonyanganda cabereye ku cicaro c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bwana Rouhani yavuze kandi ko na Israel ikwiye kuja mu masezerano yo kurwanya igwirirana ry'ivyo birwanisho.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, agomba guhura na mugenzi wiwe wa Irani, baganira ku mugambi wa nucleaire wa Irani, Amerika yemeza ko ugamije guhingura igisasu ruhonyanganda.