Kwunguruza kwa Taylor kwanswe

Charles Taylor
Image caption Charles Taylor

Sentare ya ONU iri i La Haye yanse urubanza rw'uwahoze atwara Liberia, Charles Taylor, yari yunguruje ku vyaha vyo mu ntambara yahamwe.

Umucamanza yasubiye kwemanga igihano c'imyaka mirongo itanu cahawe bwana Taylor mu ntango, avuga ko gikwiye kandi kibereye.

Bwana Taylor yahamwe n'icaha co gufasha abarwanyi mu ntambara yo muri Sierra Leone, igihugu gihana urubibe na Liberia.

Yabaye uwahoze ari umukuru w'igihugu wa mbere yahamijwe ivyaha vyo mu ntambara na sentare mpuzamakungu, kuva mu gihe c'imanza za Nuremburg zaciriwe aba Nazis.

Abajejwe intwaro mu Bwongereza bemeye kuzokwakira bwana Taylor mw'ibohero.