Ibikorwa vy'abantu bishusha isi birenze

"Ibikorwa vy'abantu mu kwiteza imbere vyongereza ubushuhe kw'isi"
Image caption "Ibikorwa vy'abantu mu kwiteza imbere vyongereza ubushuhe kw'isi"

Abahinga b'umuryango mpuzamakungu ONU bavuze ko batagikekeranya ko ibikorwa vy'abantu kw'isi arivyo bikwega ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi.

Mu cegeranyo gishasha, umugwi uhiriwemwo n'ama leta wiga ku kibazo c'ihindagurika ry'ikirere, uvuga ko ukwiyongera kw'ubushuhe kuva mu myaka y'1950 ataho kwari bwaboneke kw'isi.

Ngo ukwo kwiyongera kw'ubushuhe kuva ico gihe, kwatejwe n'abantu gushika ku bice mirongo icenda na bitanu kw'ijana.

Abahinga bavuga ko amazi mu biyaga n'inzuzi ashobora kwiyongera gushika ku santimetero mirongo umunani na zibiri, mu mpera z'iki kinjana.

Bavuga kandi yuko ivyuka bituruka mu bikorwa vy'ubuzima bwa minsi yose bw'abantu kuva ico gihe, arivyo vyinshi cane bimaze kugaragara mu kiringo kingana imyaka ibihumbi amajana umunani, ngo kandi ubushuhe buzobandanya bwiyongera.

Abo bahinga bongeyeko yuko ukutiyongera kw'ubushuhe kwagaragaye mu myaka cumi n'itanu iheze, ari gutoyi cane ku buryo ataco gushobora guhindura.