Kenya: Ishavu ritewe n'irekuwa ry'ababisha

Polisi yo muri Kenya
Image caption Polisi yo muri Kenya

Benshi muri Kenya ishavu riraniga bitewe n'uko abagabo batatu bagirizwa gusambanya ku nguvu umwana w'umukobwa, bahawe igihano co guca ubwatsi ku biro vy'abapolisi.

Uwo mukobwa w'imyaka cumi n'itandatu yarakubiswe anasambanywa ku nguvu, igihe yari avuye mu maziko ya sekuru mu burengero bwa Kenya.

Yatawe mu musarani w'imetero zibiri, akomereka uruti rw'umugongo ubu akaba agira mu ntebe y'abamugaye.

Ivyo vyabaye mu kwezi kwa Gatandatu, ariko bimenyekanye ubu nyuma y'aho vyandikiwe mu kinyamakuru co mu karere vyaberemwo, bituma abantu benshi bavyiyamiriza ku mbuga nkoranyambaga.

Igipolisi catanguje itohoza ku catumye abo babisha bahabwa igihano kitabereye.