Umushikiranganji wa mbere wa Libya yarekuwe

Ali Zeidan
Image caption Ali Zeidan

Umushikiranganji wa mbere wa Libya, Ali Zeidan, yarekuwe haciye amasaha makeyi afashwe n'abantu bitwaje ibirwanisho.

Television yerekanye amasanamu yiwe ashika ku biro bikuru vya leta mu muji wa Tripoli.

Kare umuvugizi wa leta yabwiye television ya Libya ko bwana Zeidan ameze neza, ko ayandi makuru yerekeye inyuruzwa ryiwe n'irekurwa, aza gutangwa mu nyuma.

Bwana Zeidan yanyurujwe n'abantu bitwaje ibirwanisho bamusanze kw'ihoterli abamwo ku murwa mukuru Tripoli.

Umugwi w'abarwanyi watumwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati uvuga ko wamufashe ukurikije umutahe wo kumufata, ariko leta ivuga ko ata mutahe nk'uwo wigeze utangwa.

Uwo mugwi uvuga ko wamufashe kubera ico wise gusesagura itunga.