Ababuze ababo i Lampedusa baridoga

Ahakirirwa impunzi i Lampedusa
Image caption Ahakirirwa impunzi i Lampedusa

Abavukanyi b'abanye Afrika baguye ku nkengero ry'izinga rya Lampedusa mu Butariyano, bidogera inyishu y'abajejwe intwaro.

Abo bavukanyi, bavukiye muri Afrika ari ubu batuye i Buraya, bagiye kw'izinga ritoyi rya Lampedusa, bizera gutwara ibiziga vy'ababo ngo babishingure.

Ariko abajejwe intwaro mu Butariyano, bababwira ko badashobora kurekura ivyo biziga.

Kubidondagura neza biragoye kuko bamwe imibiri yononekaye cane ku buryo utomenya umuntu uwo ari we.

Bamwe barindiriye hanze y'ikigo cakira impunzi kuri iryo zinga, bafise amafoto y'ababo bahaguye.

Ubwato abo bimukira barimwo bwari butwaye abantu barenga amajana atanu barimwo abagore n'abana.

Ibiziga birenga gato amajana atatu nivyo bimaze gukurwa mu mazi, abarokotse nabo bashika ijana na mirongo itanu.