Umuziki wa Mali wahagurukiwe

Gusubiza agateka umuziki wo muri Mali
Image caption Gusubiza agateka umuziki wo muri Mali

Umugwi w'abacuraranzi bo hirya no hino kw'isi wihaye izina rya Africa Express, uri ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, ngo uterere agacumu k'ubumwe umuziki w'ico gihugu.

Iki gikorwa kibaye haciye amaze makaye abasirikare barongowe n'Abafaransa, batsinze abarwanyi ba ki Islam bari bigaruriye uburaruko bwa Mali mu mwaka uheze.

Mu kugerageza gushirako amategeko ya ki Islam ya Sharia, abo barwanyi basambuye iminara ya kera hamwe n'ivyibutso, banabuza umuziki mu gihugu, gisanzwe kiri mu bifise abaririmvyi beza muri Afrika.

Abo barwanyi ba ki Islam bategetse ko imirongo y'igitabo ceranda ca Koran ariyo yonyene ishobora kuririmbwa, baca baka abantu ibikoresho bifata amajwi, basambura ivyuma vy'umuziki, bituma abahinga mu muziki bahunga.

Ibikorane bibiri vy'umuziki vyahuza abacuraranzi hamwe n'abakunzi b'umuziki bavuye hose kw'isi, n'ukuvuga Festival yo mu bugaragwa hafi ya Tombuktou, na Festival yo ku ruzi Niger muri Segou, vyarahagaritswe.

Ku gihugu usanga umuziki ufise uruhara runini cane mu buzima, ryari ibara riguye.

Mu kwifatanya n'abacuraranzi bo muri Mali, abacuraranzi bavuye hirya no hino bakorana na Africa Express, baje i Bamako ngo bafashe kunagura umuziki muri Mali.