Italy: Berlusconi yimiriwe mu butegetsi

Image caption Silvio Berlusoni

Kubuza Berlusconi gusubira mu mabanga y'igihugu n'ubwo vyashinzwe na sentare, bibwirizwa kubanza kwemezwa n'inama nshingamateka imbere yo gushirwa mu ngiro.

Mu ntango z'uku kwezi, urwego rw'inama nkenguzamateka ruhurikiyemwo imigambwe rwasavye ko yotaramurwa muri yo.

Berlusconi yari yagabishije ko ashobora gusenyura leta ihari, hamwe yoramuka akuwe mur'urwo rwego, ariko yahavuye yisubirako inyuma y'amatora yo kumukurako icizere.

Hamwe yokurwa mu nama nkenguzamateka, yoca atakaza ubudahangarwa afise bwamufasha kudakurikiranwa ku vyaha yagirizwa.