Syria yarekuye abanyalibani bari bagizwe ingwati

Image caption Abanyalibani bari bafashwe ingwati muri Syria bakiriwe

Habaye nk'ibirori igihe abari baragizwe infungwa bakirwa n'imiryango yabo hamwe n'abanyapolitike bo muri Libani.

Abadereva babiri b'abanya Turkiya bari bapfungiwe muri Libani nabo barekuwe mur'iwo mwumvikano wo kuguza impfungwa utoroshe.

Murat Akpinar hamwe na Murat Agca bafatiwe Beirut mu kwezi kw'umunani mu ntumbero yo kwihorera abanya Kibani bari baranyururjwe.

Bakiriwe n'umushikiranganji wa mbere wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan ejo bashitse Istambul n'indege ya Qatar.

Umurwi ugira gatatu wategerezwa kurekurwa mur'uwo mwumvikano wagizwemwo ururhara na Qatar, Turkiya kimwe n'ubutegetsi bw'abanya Palestina, n'uwo imbohe z'abagore n'abakobwa bafiswe na leta ya Syria.

Ntibiramanyekana ariko niba irekurwa ryabo rirashirwa mu ngiro.