M23 na FARDC basubiye gutana mu mitwe

Abasirikare ba leta ya Kongo
Image caption Abasirikare ba leta ya Kongo

Abarwanyi ba M23 n'abasirikare ba leta ya republika iharanira demokrasi ya Kongo barwaniye hafi ya Goma.

Iyi mirwano niyo ikomeye cane imaze kuba mu kiringo c'amezi abiri.

Iyi ntambara kandi yadutse haciye iminsi mike ibiganiro vy'amahoro vyabera i Kampala muri Uganda, bisubiye guhagarara.

Kimye mu vyatumye ivyo biganiro bihagarara, ni uko leta ya Kongo yanse guha ikigongwe rusangi abarwanyi ba M23.

Umuryango mpuzamakungu ONU warungitse brigade nshasha mu buseruko bwa Kongo, ikaba ifise inshingano ikomeye yo guhangana n'imigwi yitwaje ibirwanisho.