Ethiopia: Umuyagankuba ukoreshwa n'umuyaga

Ikibanza gihingura umuyagankuba hakoreshejwe umuyaga
Image caption Ikibanza gihingura umuyagankuba hakoreshejwe umuyaga

Ikibanza cubatsemwo ibikoresho bihingura umuyagankuba hakoreshejwe umuyaga curuguwe icese uno munsi muri Ethiopia.

Ico kibanza citwa Ashegoda, bivugwa ko arico ca mbere muri Afrika mu bunini, kikaba cubatse mu buraruko bwa Ethiopia.

Ashegoda kiri hafi y'umuji wa Mekelle, kikaba carubatswe n'ishirahamwe ryo mu Bufaransa, Vergnet SA.

U Bufaransa ni nabwo bwaterereye meshi mu mahera imiriyoni 290 z'ama dollar zacubatse.

Umunyamakuru wa BBC ari Addis Ababa avuga ko ikibanza ca Ashegoda vyitezwe ko gihingura umuyagankuba mwinshi ku buryo uzogurishwa no bihugu bibanyi na Ethiopia.