Abagore muri Arabi Saudite bashaka kunyonga imodoka

Muri Arabi Saudite abagore barabujijwe kunyonga umuduga
Image caption Muri Arabi Saudite abagore barabujijwe kunyonga umuduga

Habonetse kuri internet video yerekana abagore bariko baranyonga imiduga mu muji wa Riyadh.

Abo bagore bari mu myiyerekano yo gutwarira hamwe imiduga myinshi, mu kwiyamiriza itegeko ribuza abagore kunyonga umuduga muri ico gihugu.

Babikoze naho abajejwe intwaro bari babagabishije ko baza kubata muri yombi nibahirahira bakanyonga iyo miduga.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwamenyesheje ko uwo wese aza gufatwa yarenze kuri iryo tegeko, risanzwe ritanditswe, aza guhanishwa igihano kitamenyeshejwe.

Abantu bashika ibihumbi 17 bashize umukono ku rwandiko rusaba ko abagore bokwemererwa kunyonga imiduga, canke babasigurire igituma babibabuza.