Somalia: Radio Shebeelle yugawe n'abapolisi

Abapolisi ba Somalia mw'ikarasisi
Image caption Abapolisi ba Somalia mw'ikarasisi

Abapolisi muri Somalia binjiye ibiro bikuru vya radio yigenga, Shebeelle, bayitegeka kwugara.

Abajejwe intwaro bavuze ko bariko barasubirana inyubakwa iyo radio ikoreramwo kuko ari iya leta.

Abanyamakuru bari muri Somalia bavuga ko ibi vyiyongeye ku bindi bimaze kuba, aho leta co kimwe na Al Shabaab, bahohotera ibitangaza makuru vyigenga hamwe n'abanyamakuru.