Ibisasu i Baghdad vyahitanye benshi

Ahatewe igisasu i Baghdad mu ndwi iheze
Image caption Ahatewe igisasu i Baghdad mu ndwi iheze

Urukurikirane rw'ibisasu vyaturikiye ku murwa mukuru wa Irake, Baghdad, vyahitanye abashika mirongo ine bikomeretsa abarenga ijana.

Igipolisi kivuga ko ivyo bisasu vyaturitse bikurikirana cane, muri district y'umuji ituwe n'aba Islam b'aba Shia benshi.

Isoko ryuzuye abantu riri mu bibanza vyatumberejwe.

Urugero rw'ubwicanyi muri Irake rugeze ku rwego rutaribwahaboneke mu myaka itanu.

Umunyamakuru wa BBC ari i Baghdad avuga ko muri kuno kwezi honyene hishwe abantu bashika amajana ane.

Yavuze ko ibitero vyatumbereje aba Shia co kimwe n'ibice bituwe n'inkehwa z'aba Suni, biteza impungenge z'uko ubwicanyi bufatiye kw'idini bugiye kugaruka.