Amakungu agomba gutabara Philippines

Image caption Perezida Benigno Aquino ariko atanga infashanyo ku bahuye n'igihuhusi mu muji wa Roxas.

Abapfuye bamaze guharurwa mu bihumbi, bamwe bariko bahambwa mu bihafu rusangi.

Ingabo za Philippines ziriko zikoresha indege mu gutwara imirwi ijejwe gutabara n'ibindi vya nkenerwa vyihuta mu turere twasinzikaye kurusha ahandi.

Hari na za kajugujugu za Leta zunze ubumwe za Amerika zizokoreshwa.

Ishirahamwe rya Bulaya ryatanze miliyoni zine z'ama dolari y'abanyamerika y'infashanyo yihuta.

Perezida Beningo Aquino yagendeye umuji wa Tacloban wasinzikaye kurusha ahandi, aho yavuze ko icihutirwa ar'ukugarura umuyagankuba n'uburyo bwo gutumatumanako.