ONU irasabira Philippines infashanyo

Image caption Abatonze ku kibuga c'indege ca Tacloban barondera infashanyo no kuvurwa

Amakungu asabwa gutanga miliyoni amajana atatu z'ama dolari y'abanyamerika yo gufasha abanya Philippines basizwe amaboko masa n'igihuhusi cahaciye mu ndwi iheze.

Uwujejwe gutunganya ibikorwa vy'ubutabazi mw'ishirahamwe mpuzamakungu, Valerie Amos, yamenyesheke ko infashanyo ziriko zishika mu buryo bwitonze cane kubera henshi amabarabara adahita, n'izindi mpamvu z'uburyo.

Ubwato butwara indege bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, George Washington, bwaturutse muri Hong Kong bwerekeza muri Philippines bwikoreye indege zo gufasha gutanga infashanyo.

Butwaye indege zigera kuri mirongo umunani zirimwo za kajugujugu mirongo ibiri n'imwe.

Ubwo bwato buzoshikayo inyuma y'iminsi ibiri canke itatu.

Ubwongereza bwarungitse ubundi bwato n'indege ya gisirikare vyo kuja gufasha Philippines gutanga infashanyo.

Ubuyapani, Korea y'epfo na Malaysia, hamwe n'Ubudagi ndetse na Israel, biri mu bihugu bigiye guterera abazoja gufasha mu gikorwa co gutabara ahasinzikaye cane muri Philippines.