Russia: Indege yagize impanuka ihitana 50

Impanuka y'indege

Indege itwara abagenzi yagize impanuka ku kibuga cy'indege cyo mu mujyi wa Kazan wo mu Burusiya, yica abantu 50 bari bayirimo.

Abagenzi bari 44 abakozi ari 6.

Iyo ndege yo mu bwoka bwa Boeing 737 yarivuye i Moscow igira ikibazo igiye kugwa ku kibuga cy'indege cy'i Kazan.

Iyo ndege niyo muri compagnie ya Tatarstam Airlines yagize impanuka saa 7.20 za nijoro.

Mu bapfuye harimo n'umuhungu w'umukuru wa Repubulika ya Tatarstan, Irek Minnikhanov.

Umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yatanze ubutumwa bw'akababaro kubabuze ababo.