Afghanistan yakoranije inama y'inararibonye

Image caption Abari mu nama ya Loya Jirga

Mur'uwo mwumvikano mushasha ingabo za leta zunze ubumwe za Amerika zishobora kuguma muri Afghanistani kugeza inyuma y' umwaka wa 2014.

Ingabo z'amahanga mu bisanzwe ziteganya kuva muri Afghnaistan mu mwaka uza.

Perezida Karzai yabwiye abaserukira imiryango bagera ku bihumbi bakoraniye mur'iyo nama, ko perezida Obama yamwijeje ko uwo mwumvikano uzotuma Afghanistan ibona umutekano ikeneye.

Yavuze kandi ko uwo mwumvikano ushigikiwe n'Ubuhinde, Uburusiya n'Ubushinwa.

Ariko bwana Karzai yavuze ko uwo mwumvikano utazoshirwako igikumu, kugeza uwuzomusubirira atowe mu mwaka uza.

Ibitumvikanwako neza mur'ayo masezerano mashasha, n'uburyo abasirikare b'abanyamerika bazokwemererwa kwinjira gusaka mu mazu y'abanya Afghanistan.

Ikindi kibazo kihari n'ukumenya niba abo basirikare bakoze amakosa, bazoheza bagakurikiranwa n'ubutungane bwa Afghanistan canke ubw'igihugu cabo.