L Fabius: " Centrafrika iri ku manga ya jenoside"

Image caption Amazu yaturiwe n'abo mu runani SELEKA mu kirwati ca Ouham mu ndwi iheze 13/11/13

Mu kiganiro yatanze kuri televisiyo, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Laurent Fabius, yavuze ko Centrafrika iri mu kajagari gakomeye.

Bwana Fabius yavuze ko ishirahamwe mpuzamakungu ririko ririhweza uburyo ryokwemerera ingabo z'ibihugu vyo muri Afrika n'izo Ubufaransa kuja gutabara muri Centrafrika.

Ico gihugu kimaze igihe mu kaga kuva mu kwezi kwa gatatu, igihe urunani SELEKA rw'imirwi yitwaje ibirwanisho rukuriye leta yariho.

Hakurikiye ibitero hagati y'imirwi y'aba islamu n'abakirisu.