Bemba: Bane bafashwe kubera guha igiturire ivyabona

Jean Pierre Bemba
Image caption Jean Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ivuga ko abanye Kongo bane bafashwe kubera guha igiturire ivyabona mu rubanza rwa Jean Pierre Bemba.

Abo bagabo bane bakomoka muri republika iharanira demokrasi ya Kongo, ngo bahaye igiturire ivyo vyabona kugira bibeshe mu rubanza rw'uwahoze ari icegera c'umukuru w'ico gihugu.

Abo bane, barimwo n'uwunganira bwana Bemba hamwe n'umushingamateka, bafatiwe mu bihugu bine ari vyo u Bufaransa, u Bubirigi, u Buholandi hamwe na Kongo.

Bwana Bemba amaze imyaka irenga itanu apfunzwe na ICC, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu bivugwa ko vyakorewe mu gihugu ca Centre Afrique.