MONUSCO yaganguye gukoresha "drones"

Imwe mu ndege zitagira umudereva zatanguye gukoreshwa muri Kongo
Image caption Imwe mu ndege zitagira umudereva zatanguye gukoreshwa muri Kongo

Umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo, MONUSCO, watanguye gukoresha indege zitagira umudereva mu buseruko bw'igihugu.

Izo ndege zitwa drones mu Congereza, zatanguye gukoreshwa mu karere k'urubibe n'igihugu c'u Rwanda, ngo zirereke abakekwa kwinjiza ibirwanisho babicishije mw'ishamba.

Hazobanza gukoreshwa indege nk'izo zibiri zakorewe mu Butariyano.

Ni ubwa mbere ONU ikoresha indege zitagira umudereva mu bikorwa vyayo.

Ivyegeranyo vyinshi vya ONU vyagirije u Rwanda na Uganda guha ibirwanisho abarwanyi bo muri Kongo, harimwo umugwi uheruka gutsindwa M23.

Ivyo bihugu vyombi birahaka ivyo vyagiriji.