Ikigandaro ca Nelson Mandela

Image caption Amashurwe bashira mu bibanza bitandukanye aho bagndariye Mandela

Hanze y'urugo rwiwe ruri Soweto, bamwe barasenga, abandi bakaririmba batamba ijoro ryose, bahimbaza ubuzima bwa Nelson Mandela.

Ingori z'amashurwe zitoharurwa, zashizwe hanze y'urugo rwa Nelson Mandela iJohannesburg, aho yaguye ku munsi wa kane, amaze imyaka 95.

Umugambwe uri ku butegetsi ANC, wasavye imigambwe yose gushira hasi ibibatandukanya mu gihe bari mu minsi y'ikigandaro.