Ukutumvikana hagati ya Guinne na Portugal

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Guinne Bissau yatanze imihoho kubera gushwana na Portugal bivuye ku mpunzi z'abanye Syria.

Kuwa Kabiri indege y'ikompanyi yo muri Portugal, TAP, yahagaritse ingendo zayo muri Guinne Bissau nyuma y'aho abanye Syria mirongo indwi na bane bashikiye muri Portugal bavuye muri ico gihugu co mu burengero bwa Africa.

Bivugwa ko abo banye Syria bari bafise impapuro z'impimbano.

Portugal ivuga ko habaye ugufata minenerwe ibijanye n'umutekano ku kibuga c'indege muri Bissau.