I Kidal muri Mali haturikiye igisasu

Abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro muri Mali
Image caption Abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro muri Mali

Igisasu c'umwiyahuzi caturikiye mu muji wa Kidal uri mu buraruko bw'igihugu ca Mali.

Abasirikare babiri bo muri Senegal bahagarariye amahoro mu mugwi wa ONU bahasize ubuzima, abandi babiri b'abanye Mali n'uwundi umwe ahagarariye amahoro barakomereka cane.

Umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Mali wavuze ko uwo mwiyahuzi yagongesheje uwo muduga ku banki imwe gusa ikora muri uwo muji, bituma inyubakwa ikoreramwo ica isambuka.

Umukuru w'igihugu w'u Bufaransa, Francois Hollande, yavuze ko ico gitero kitazokwijana atawuhanywe.

Abasirikare b'u Bufaransa batsinze abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Mali ubu haciye hafi umwaka, ariko ibitero vy'irya n'ino vyarabandanije.

Kidal kandi ni icibare c'abo mu bwoko bw'aba Tuareg, baheruka kwumvikana na leta ya Mali guhagarika imirwano.