Sudani y'epfo: ONU itewe impungenge n'ubwinshi bw'impunzi

Ikibazo c'impunzi muri Sudani y'epfo
Image caption Ikibazo c'impunzi muri Sudani y'epfo

ONU yagabishije ko hari mu kwaduka ikibazo gikomeye kubera ubwinshi bw'impunzi zihunga Sudani y'epfo kubera imirwano.

Cathy Howard wo mu biro vya ONU bijejwe gutunganya ibikorwa vy'ubutabazi yabariye BBC ko abanyagihugu ibihumbi mirongo umunani bataye izabo bahungira mu kigo ca ONU.

Ibi bivuzwe mu gihe ONU yitegurira kurungika muri Sudani y'epfo abandi basirikare bahagarariye amahoro.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, yashigikiye ivyo amakungu asaba vy'uko imirwano ihagarara.