Abasirikare batandatu ba Chad biciwe iBangui

Image caption Abarwanyi ba SELEKA muri Bangui 09/12/13

Umuvugizi w'urwego rw'Ubumwe bwa Afrika rujejwe kugarura amahoro muri Centrafrika, yavuze ko batewe n'akarwi k'abakirisu kazwi kw'izina rya Anti-Balaka.

Abakirisu bakomeje gutana mu mitwe n'urunani SELEKA rugizwe n'imirwi y'abarwanyi b'aba islamu, rwafashe ubutegetsi mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka.

Ingabo za Chad ziri mu rwego rw'Ubumwe bwa Afrika zagirizwa ko zihengamiye ku ruhande rw'abarwanyi b'aba islamu.

Perezida wa Chad Idriss Deby avuga ko mu basirikare biwe harimwo aba kirisu kimwe n'aba islamu.

Abategetsi b'Ubufaransa barungitswe muri Centrafrika bavuga ko mu murwa mukuru Bangui hari icuka kibi cane.

Abantu benshi barahunze intambara abandi baharurwa mu bihumbi mirongo, bacumbitse ku kibuga c'indege ca Bangui, ahasanzwe hari icicaro c'ingabo z'abafaransa n'iz'Ubumwe bwa Afrika.