DRC: igitero cahitanye abantu muri Beni

Image caption Congo Kamango

Amakuru ataratohozwa neza aravuga ko abanyagihugu bo mu karere ka Beni mu muji wa Kamango mu ntara ya Kivu ya ruguru baraye bahitanywe n'igitero c'umutwe witwaje ibirwanisho.

Abishwe bashobora kuba bashika ku mirongo ine.

Umuvugizi w'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge, Elodie Schindler, yavuze ko abakomeretse bariko bajanwa kuvurirwa mu muji wa Goma.

Yavuze kandi ko Croix Rouge iriko irafasha guhamba abahitanywe n'ubwo bwicanyi.

Igisirikare ca Congo kirafise ikigo ngaho Kamango, cagabweko ibitero kenshi n'imirwi yitwaje ibirwanisho, irimwo uw'abarwanyi baturuka muri Uganda ADF NALU, uri aho muri Congo.