Intambara zakajije umurego muri Sudani y'epfo

Image caption Perezida Kiir hagati ya Hailemariam Desalegn na Uhuru Kenyatta

Umuvugizi wo mu gisirikare yavuze ko ingabo ziriko zitegurira igitero co kubohoza Bentiu, umurwa mukuru w'intara ya Unity State urwiriyemwo ubutunzi bw'igitoro, ubu uri mu minwe y'abarwanyi.

Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn nibo bariko bagerageza guhuza perezida Salva Kiir n'uruhande bahanganye.

Ariko uwahoze ar'icegera c'umukuru w'igihugu Reik Machar avuga ko ashaka ko abo bafatanije babanza kurekurwa imbere y'uko ibiganiro bitangura.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko abantu baharurwa mu bihumbi mirongo bataye ingo zabo, aho ubushobozi bw'abakozi bajejwe gutabara bumaze kurengerwa.

Ibiro vya vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bivuga ko amashami yaryo y'ubutabazi akeneye miliyoni 160 z'ama dollars y'abanaymerika mu gikorwa co kurokora ubuzima bw'abari mu kaga.