Sudani y'epfo: Umu general yaguye mu mirwano

Abasirikare ba Sudani y'epfo
Image caption Abasirikare ba Sudani y'epfo

Hadutse imirwano ikomeye hanze y'umuji wa Bor muri Sudani y'epfo, hapfa umu general.

Umunyamakuru wa BBC ari kumwe n'ingabo za leta ziriko ziregereza uwo muji yavuze ko abasirikare bari baje kubafasha bahuye n'igitero gikomeye mu nzira.

Bor ifiswe n'abarwanyi bashigikiye uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, Riek Machar.

Uwo munyamakuru wacu kandi yabonye imivyimba y'abasirikare hamwe n'ibiduga vy'ingwano vyahiye ku mpande z'ibarabara.

Impande zirwana vyitezwe ko zitangura ibiganiro ukuri kwamye ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, bagerageze guhagarika imirwano imaze indwi zitatu.