Ibiganiro kuri Sudani y'epfo birimwo ingorane

Impunzi zahunze umuji wa Bor muri Sudani y'epfo
Image caption Impunzi zahunze umuji wa Bor muri Sudani y'epfo

Icizere c'uko impande zirwana muri Sudani y'epfo zari gutangura kuganira uno munsi muri Ethiopia cahavuye.

Naho mu ntango icizere cari cose, umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe imigenderanire, Tedros Adhanom, yavuze ko ibiganiro amaso mu yandi hagati y'abarwana muri Sudani y'epfo bidatangura uno munsi.

Haracariko haraba imibonano ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, vyo gutegura ibizoganirwa mu biganiro nyirizina.

Umunyamakuru wa BBC ari i Juba, umurwa mukuru wa Sudani y'epfo, avuga ko imirwano igikomeza.

Ngo abasirikare bashigikiye umukuru w'igihugu Salva Kiir, bariko baritegurira kugaba ibitero ku miji ya Bentui na Bor, ubu iri mu minwe y'abashigikiye uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, Riek Machar.

Hagati aho, ibihumbi vy'abantu babandanije guhunga iyo mirwano imaze guhitana abashika ku bihumbi.